- Na Priya Sippy
- Umunyamakuru
Ahavuye isanamu, Kili Paul
Mu mwambaro wabo uranga aba-Maasai kandi bakikijwe n’inka, abanya-Tanzania ba vuba mu kuba rurangiranwa kuri Tik Tok, abavukana Kili na Neema Paul, bariko bitegurira gufata video yabo ya vuba.
Terefone ngendanwa igezweho yashinzwe ku nkingi imetero nkeya imbere y’inzu yabo muri Mindu Tulieni, ikigwati gito co mu ntara ya Pwani yo mu buseruko,
Igisagara kiri hafi, Lugoba, kiri ku rugendo rw’isaha n’amaguru. Mu gihe ico kigwati ata muyagankuba gifise, Kili akigendera buri munsi kugira ashire umuriro muri terefone yiwe.
Mu kwitegurira gufata iyo video , Kili, w’imyaka 26, ahagaze inyuma ya mushikiwe w’imyaka 23, Neema.
Umuziki umaze gutangura kuvuga, Kili na mushikiwe baca bakurakuranwa mu kwigana mu gi-Hindi bongera batamba ku murindi w’izo ndirimbo zizwi cane muri film/sinema za Bollywood [ingene bakubita iminwa bigahurirana neza neza n’amajambo y’iyo ndirimbo nk’uko womenga ijwi ni iryabo kandi humvikana…
#KiaraAdvani #AdvaniKiara
Comments
Loading…